BurundiDevelopmentFabelovehomepagekirundiprimusic-burundisociete

Abarongoye amashengero bahamagarirwa gushigikira umugambi w’iterambere ry’igihugu

Mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yari yahuje umuhuza w’abarundi Nduwimana Edouard hamwe n’abarongoye amashengero atandukanye  akorera mu Burundi kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Ntwarante umwaka w’2019, umuhuza w’abarundi yasavye abarongoye amashengero gushigikira umugambi w’iterambere ry’igihugu ryo mu mwaka w’2018 ushira uw’2027 hamwe no guhimiriza abayoboke babo kugira batsimbataze amahoro hamwe n’umutekano.

Umuhuza w’Abarundi Edouard Nduwimana amenyeshako abarongozi b’amashengero ko bari mu bantu ba mbere baharanira amahoro kandi babwirizwa gufasha mu kuyatsimbataza biciye mu gukunda igihugu hamwe no kubera akarorero abandi kuko amajwi yabo ashika kure.

Muriyo nama, umuhuza w’abarundi yavuze ko iyo nama yayitunganije nk’izindi nama zihora zitunganywa mu gihugu cose n’urwego arongoye mu bijanye n’iterambere,intwaro ibereye,intwaro rusangi hamwe no gutsimbataza amahoro n’umutekano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 771