homepagekirundi

Primusic : Icumi na babiri basigaye mw’ihiganwa bariko baramenyerezwa n’abahinga

Nk’uko iryo higanwa ryateguwe, ugutorwa kwabo cumi na babiri vyakozwe n’umurwi ujejwe gutanga amanota ariko ubu bageze mu gice ca kabiri gishira icanyuma batorwa n’abakunzi babo kandi buri umwe wese afise inomero bamuhaye kugira abazomutora bizoborohere, kw’ijambo primus wongerako iyo nomero (“primus1 canke primus2 kubandanya gushika kuri primus12”) hama ugashobora kurungika ubutumwa (SMS) ukoresheje umuhora wa Econet Wireless hamwe n’umuhora wa Smart ku nomero 190. Birekuriwe gutora rimwe gusa kandi bizohera itariki 21 Mukakaro uwu mwaka.

Hari n’ubundi buhinga bwo gutora ukoresheje ya aprikasiyo yo muma terefone yitwa Primus Burundi.

Twobibutsa ko mur’abo 12 begeranirijwe hamwe mu nzu ya Brarudi kugira bamenyerezwe kuririmba babifashijwemwo n’abahinga gushika ku musi w’ihiganwa hama inyuma y’aho hategerezwa kuzosigaramwo 6 gusa bazobandanya mu gice ca nyuma c’ihiganwa kuko ihiganwa ry’igice ca kabiri gishira ica nyuma ritegekanijwe ku w’Imana uza igenekerezo rya 21 Mukakaro uwu mwaka mu ntara ya Gitega.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755