BurundihomepageJusticekirundiMt number onepromotedsecurityTabacWestern Sydney Films Festival

Reta y’Uburundi ngo igiye kwitwarira ikimenyeshamakuru BBC

Reta y’Uburundi ngo igiye kwitwarira ikimenyeshamakuru c’abongereza BBC inyuma y’aho ico kinyamakuru gikwiragije ku mbuga zitandukanye ireresi yerekana inzu ico kinyamakuru cameneyesheje ko yahora ihohotererwamwo abantu mu myaka itatu iheze.

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 Kigarama umwaka w’2018, Reta y’Uburundi iciye ku mushikiranganji wayo w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana yari yaramutse itanga ikiganiro ku baserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero y’ugutanga umuco kuri iyo reresi hamwe no kuri iyo nzu ivurwa.

Inyuma y’ikiganiro, umushikiranganji Kanyana yaboneyeho guca ashikana n’abari bitavye ico kiganiro kuri iyo nzu ivugwa muri zone ya Kinindo, komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura kugira bibonere ukuri. 

Umushikiranganji Kanyana yaboneyeho gushikiriza ko Reta y’Uburundi igiye kwitwarira ico kimenyeshamakuru BBC  yongera igisaba gukura iyo nkuru aho cayishize hose

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764