BurundiEconomyhomepagekirundi

Reta y’Uburundi yadugije igiciro c’ikawa ku barimyi

Ikawa nziza (cerise A) izogurwa amafaranga 700 ku kiro, mu gihe ikawa y’ibisobwa (Cerise B) izogurwa amafaranga 350 ku kiro, kuva mw’isizeni yo mu mwaka w’2021 ishira umwaka w’2022. Ni mu gihe ikawa nziza yahora ku mafaranga 550, iy’ibisobwa nayo ikagurwa amafaranga 275.

Umushikiranganji w’ibidukikikije, uburimyi n’ubworozi yabishikirije kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2021 mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Déo Guide Rurema yamenyesheje kandi ko ihemba rya mbere ritegekanijwe mu kwezi kwa Rusama, nayo irya kabiri ari naryo rya nyuma rizoba mu kwezi kwa Myandagaro 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766