homepagekirundisecuritysociete

Rumonge : Imiryango itari mike yaraye isizwe mu kangaratete n’imvura y’igihuhusi

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu waraye uheze, igenekerezo rya 25 Gitugutu umwaka w’2019 mu ntara ya Rumonge haraguye imvura idasanzwe  ivanze n’umuyaga ibomora amazu y’abantu agera kuri 36 n’ikirase kimwe.

Iyo mvura ikaba kandi yarasituye ibiti icenda bicako intsinga z’amashanyarazi, ivyatumye umuyagankuba ubura muri komine Rumonge, ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge. Ariko abahinga b’ishirahamwe REGIDESO bakaba baciye bazindukira ku kivi, mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu bakaba basubiye kugarukana umuyagankuba aho kuri uwo murwa mukuru.

Mu gace ka Rutumo na zone Magara muri komine ya Bugarama aho nyene mu ntara ya Rumonge akaba ariho hatari bwagaruke umuyagankuba, muri REGIDESO bakavuga ko bariko bakora ibishoboka vyose kugira basubirize ivyo biti vyahenuwe niyo mvura n’umuyaga.

Musitanteri wa komine Rumonge Céléstin Nitanga agasaba abagira neza kuza bakagarukira kuri abo banyagihugu baraye bahuye n’ivyo vyago.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756