DevelopmenthomepagekirundiMiss Burundi EventSCIENCES & TECHNOLOGIES

Tereviziyo Nkuru y’igihugu igiye guhora yerekanwa kuri canal+

Nk’uko ryabikoze mu bindi bihugu bitandukanye ku mugabane wa Afrika, kuri uyu wa kabiri waraye uheze, igenekerezo rya 15 Gitugutu umwaka w’2019 niho ishirahamwe Canal+ ryamenyesha abarundi baba mugihugu nabari hanze y’igihugu ko bagiye kuza barakurikirana imboneshakure y’Igihugu RTNB kuma shene asanzwe yerekanwa niryo shirahamwe.

Mu kiganiro yaraye ahereje abanditsi n’abamenyeshamakuru cabereye mu nyubakwa za Canal+, uwusanzwe aserukikira iryo shirahamwe ngaha mu Burundi Joel BADA, yashikirije ama shene mashasha ashika ku munani abasanzwe bakoresha ama ‘ décodeurs ’ ya canal+ kuva kuri uyu wa kabiri, akabandanya amenyesha ko ari inkuru nziza kubarundi bose kuko muri ayo mashene harimwo Tereviziyo Nkuru y’igihugu RTNB, aho muyisanga kuri shene y’375.

Izo shene nazo nizi zikurikira:

-RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi) ;
-NCI (Nouvelle Chaine Sénégalaise) ;
-M6 International ;
-Trace AFRIKORA ;
-Ludikids ;
-Automoto-Sport ;
-Sunu Yeuf  hamwe na
-Cuisine.

Tukabamenyesha ko izo shene ushobora kuzibona zose guhera k’umutekero w’amahera 17 000 FBU witwa ACCESS.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760