homepageDonard Trumpkirundipoliticssecuritysociete

Uburundi n’abarundi ngo biteguye kubakirana igishika

 


Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Myandagaro umwaka w’2019, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’abenegihugu, Pascal Barandagiye yagendeye impunzi z’abarundi bari mu nkambi z’impuzi za Mtenderi na Nduta aho yakiriwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wa Tanzaniya aherekejwe na Consul General aserukira Uburundi mu karere ka Kigoma.

Umushikiranganji Barandagiye yamenyesheje ko ijambo nyamukuru ryabazindukanye muri izo nkambi ko ryati iryo guhimiriza abarundi baba muri izo nkambi guca mumakanda y’abandi barundi isinzi bamaze imisi bahunguka hamwe n’ukubamenyesha ko igihugu kirimwo amahoro n’umutekano kandi bwitegueye kubakirana igishika mu gihugu c’amavukiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756