BurundiEnvironementEnvironnementhomepagekirundi

Uburyo bushasha bwo kurwana n’ihindagurika ry’ibihe

Ihindagurika ry’ibihe ngo si agaseseshwa rumuri mu Burundi  ndetse no kw’isi yose.  Kw’isi yose hariho amategeko yerekana ingene abantu bokwifata. Uburundi nabwo ntibwasigaye inyuma, kuva mu 2007 haragiyeho ibikorwa vyokorwa kugira duhangane n’ihindagurika ry’ibihe.

Mu mugambi wa Reta wo kuva mwaka w’2018 ushira uw’2027, baravuga ko hoba gukoresha uburyo bw’amasoko ntanganguvu yisubiriza. Akarorero ngo ni nk’amakara ava mu bicafu. bivugwa na Nkunzimana Jeanne Francine, umuyobozi w’ibidukikije n’isuku.   

Nkunzimana yabimenyesheje kuri uyu wa gatanu mu bikorwa vyo guhimiriza urwaruka k’ubijanye n’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe ryateguwe n’ishirahamwe Rutare_Initiative,  bikaba vyabereye kw’ishure shingiro riri mu Kinindo ku civugo «Duteze imbere ikoreshwa ry’amasoko ntanganguvu ryisubiriza, turwanye n’ihindagurika ry’ibihe».

Audrey HABONIMANA arongoye umugambi bise: “Education à l’environnement pour la petite enfance” aramenyesha ko ivyo bikorwa bizobandanya no kuyandi mashure ariko bashimye kubitangurira kuri iryo shure shingiro rya Kinindo ndetse bakaba bari batumiye abandi bana bo kuyandi mashure kugira ngo baze bashobore gutanga ubutumwa kuyandi mashure bigako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764