Burundihomepagekirundisecurity

Ubushikiranganji bw’umutekano bwerekanye abaporisi n’abanyagihugu bari bamaze imisi biba igitoro

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2021, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano bubicishije ku muvugizi wabwo, bwerekanye abantu bane barimwo abaporisi 2 baheruka gufatwa bivye igitoro mu ngendeshwa z’igiporisi c’Uburundi.

Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji amenyesha ko hari uwundi muporisi umwe akoronderwa nawe nyene yagirizwa ico caha c’ubunyonyezi bw’igitoro.

Petero Nkurikiye yaboneyeho kandi kumenyesha ko urugamba rwo gutuza ben’ubwo bubisha rubandanya gushika bafashe abo bose bikika mu kiza maze babashikirize ubutungane bubakubite intahe mu gahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764