BurundiHealthhomepagekirundi

Uko isekeza ryo gupima abantu umugera wa Covid-19 ryagenze

Igikorwa co gupima abantu umugera wa Corona catanguye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 6 Mukakaro 20202 mu gisagara ca Bujumbura.

 

Ico gikorwa kikaba cari categekanijwe kubera mu bibanza, kimwe kimwe muri komine zigize igisagara ca Bujumbura. Muri komine Mukaza, ico gikorwa cabereye mu kibanza kiri kuri Hotel Source du Nile, muri Komine Muha kibera ku kibuga ca paruwasi Kanyosha nayo muri Komine Ntahangwa ico gikorwa kikaba cabereye ku kibuga c’ishure yisumbuye ETS Kamenge, aho abantu batari bake bari bacitabiriye.

Umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida Muganga Thaddee Ndikumana yatangurije iryo sekeza ku kibuga ca ETS Kamenge ahahuriye abava mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Uwurongoye ico kibanza yavuze ko bafise ubushobozi bwo kwakira abantu bari hagati y’amajana 250 n’amajana hamwe n’amajana atatu buri musi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764