BurundiDevelopmentEducationhomepagekirundiyouth

Ukwigisha ibijanye n’ubuhinga bwa none mu mashule ngo bifise akamaro kadasanzwe mw’iterambere ry’igihugu

“Ukwigisha ibijanye n’ubuhinga bwa none no gutumatumanako amakuru mu mashure bifasha igihugu gushika kw’iterambere. Ubwo buhinga bufasha kandi umunyeshure gutera imbere mu bumenyi bukanatuma umwigisha nawe akarisha ubwenge”.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Ruheshi 2020 mu gihe yariko arugurura icese uruganda rwo kwemeza igitabu c’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mu mashure.

Umushikiranganji Ndirahisha avuga kandi ko izo inyigisho zituma Uburundi buja ku rugero rumwe n’amakungu mu bijanye n’inyigisho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769