Burundihomepagekirundisecurity

Umugabo w’imyaka 55 y’amavuko yaraye agandaguwe

Umugabo w’imyaka 55 y’amavuko yaraye agandaguwe n’abagizi ba nabi, mw’ijoro ryo ku wa gatanu buca ari kuwa gatandatu bamusanze ku muhana iwe ku musozi Burambira komine Gashoho intara ya Muyinga.

Musitanteri w’iyo komine ya Gashoho Désiré Bigirimana yamenyesheje ko abantu bikekwako ubwo bwicanyi bafashwe. Muri abo bafashwe ngo hakaba harimwo abagabo babiri bava muri komine Gitobe yo mu ntara ya Kirundo, bakaba bafatiwe muri iyo komine ya Gashoho muri iryo joro nyene bariko basubira iwabo.

Désireé Bigirimana avuga ko abandi bikekwa ari umukenyezi hamwe n’umukobwa w’umuhisi, amatari yo mu rugo akaba ariyo ngo ashobora kuba yo ntandaro y’ubwo bwicanyi. Uwo arongoye iyo komine amenyesha ko amatohoza akibandanya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764