BurundiHealthhomepagekirundi

Umugenzo wo gukaraba ngo uzobandanya n’inyuma ya Covid-19

Ingingo zafashwe na Reta y’Uburundi zo gukaraba n’amazi meza n’isabuni ngo zizobandanya naho ikiza ca Corona kizoba carangiye.

Ivyo ni ibishikirizwa n’umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida Thaddée Ndikumana mu nama yaraye akoranye n’abakozi bakurubakuru bo muri ubwo bushikiranganji aramutswa.

Thaddée Ndikumana amenyesha ko uwo mugenzo wo gukaraba ufasha cane mu kugwanya indwara zifatiye kw’isuku rike. Ahamagarira abanyagihugu kudahororokerwa no gukaraba.

Uwo mushikiranganji ahamagarira kandi abanyagihugu kutinuba abakize umugera wa Corona kuko ari indwara nk’izindi umurwayi avurwa agakira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764