BurundiBizosDevelopmentFabeloveGenderhomepagekirundi

“Umukenyezi ashirwe imbere mu migambi irashe yo gutegekanya kazoza”

Uko umwaka utashe igenekerezo rya 8 Ntwarante, amakungu arahimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Mu Burundi, uwo musi uzohimbarizwa ku murwa mukuru wa poritike ku civugo “Umukenyezi ashirwe imbere mu migambi irashe yo gutegekanya kazoza”.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Ntwarante umwaka w’2019 mu gihe yari aramutse ashikiriza ijambo rijanye n’umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira  Martin Nivyabandi yamenyesheje ko ari akaryo keza ko kurimbura intambwe duteyeko mu bijanye n’uguteza imbere umukenyezi haba mu bijanye n’imibano n’akaranga,  poritike tutibagiye ibijanye n’ubutunzi.

Umushikiranganji Nivyabandi yashikirije kandi  ko uwo musi ariho ibihugu bifatira mu kwiha ihangiro ryo gushira mu ngiro amategeko n’amabwirizwa, amasezerano hamwe n’imigambi ijanye no guteza imbere umukenyezi.

Mu Burundi, uyo musi ngo ushitse hari ibintu bitari bike bimaze kurangurwa nk’ishirwaho ry’umurwi w’igihugu hamwe n’ikigega kijejwe gukingira no gutegekaniriza akazoza abenegihugu hamwe n’ishirwa mu ngiro ry’umugambi “Merankabandi” n’ibindi bitari bike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768