Burundihomepagekirundi

Umukuru w’igihigu Evariste Ndayishimiye yuguruye icese inyubakwa Meri ya Bujumbura igiye gukoreramwo

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Nyakanga umwaka w’2020, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yaramutse yugurura icese inyubakwa Meri ya Bujumbura izokoreramwo « Hôtel de Ville » , inyubakwa ubona ko ari iya mbere mu gisagara ca Bujumbura uravye ubuhinga yubatswemwo.

Ahejeje kwugurura iyo nyubakwa, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaciye aja kwugura icese urumuri rw’amahoro rugira incuro y’icumi na kane, mu kibanza citiriwe ukwikukira kw’Uburundi.

Mu kwugurura ice urumuri rw’anahoro, umukuru w’igihugu yasavye abarundi kubumbatira amahoro n’umutekano vyo soko y’iterambere.

Yamenyesheje ko muri ivyo bikorwa vy’ukurerura urwo rumuri ari akaryo keza ko guhamagarira abanyagihugu guhurira ku bikorwa vy’iterambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764