BurundiDevelopmenthomepagekirundiyouth

Umukuru w’igihugu aragabisha amashirahamwe amwamwe ariko akora nabi

Umukuru w’igihugu aragabisha abazokoresha nabi amafaranga yagenewe kurangura imigambi y’iterambere ko bazohanwa hisunzwe amategeko.

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 1 Gitugutu umwaka w’2020, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaramutse akoranya i Gitega ku murwa mukuru wa poritike, abarongozi batandukanye b’amashirahamwe akorera mu gisata co kwitaho iterambere ry’abenegihugu mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene ayo mashirahamwe ariko arakoresha amafaranga yagenewe kurangura imigambi y’iterambere.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashimiye amashirahamwe akoresha neza ayo mafaranga, aboneraho gutera akamo abandi kuyafatirako akarorero keza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769