BurundiCooperationDiplomacyhomepagekirundi

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye aritezwe muri Gabon

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aherekejwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye baritezwe i Libreville ku murwa mukuru wa Gabon kuri uyu wa kane.

Nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro bijejwe gutanga amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe ngo bazakuba bitavye inama igira 18 y’abakuru b’amareta n’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika yo hagati, nayo ikaba itegekanijwe kuzoba aho bukera ku musi wa gatanu igenekerezo rya 27 Munyonyo 2020.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768