homepageDonard Trumpkirundipoliticspromotedsecuritysociete

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza agiye kubera akarore keza abanyafrika

Mw’ijambo ryiwe ryamaze iminota mirongo itatu, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Ezechiel Nibigira yari yaserukiye Reta y’Uburundi mw’ikoraniro kaminuza rya ONU rigira 74, yamenyesheje abari aho ko Uburundi bwiteguriye neza amatora yo mu mwaka 2020 kandi ko ayo matora araba abarundi gusa.

Umushikiranganji Nibigira yabwiye abari muri iryo koraniro kandi ko kuba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atazongera kwitoza mu matora twimirije ari ikintu gihambaye, igikorwa gikomeye ca poritike na demokarasi cobera akarorero abandi muri Afrika ndetse no kw’isi nzima.

Uwo mushikiranganji amenyesha kandi ko Uburundi bugeze kure bwitegurira ayo matora kugira azobe mu mahoro, mu mwidegemvyo no mu muco. Nayo abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015 boba bagifise uwo mugambi mubi, uwo mushikiranganji ko bizobagora kuwushikako.

Yaboneyeho akaryo ko gusaba inama ishinzwe umutekano ya ONU kuvana Uburundi ku rutonde rw’ibihugu yigako.

Umushikiranganji w’imigenderanire Ezechiel Nibigira yabwiye ONU ko mu Burundi hari amahoro agaragarira uwariwe wese.Yavuze kandi ko Reta iriko iratera intambwe nziza igana ku kwisanzura mu gushikiriza ivyiyumviro, ukumenyeshamakuru hamwe n’amadini.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756