Burundihomepagekirundipromotedsecurity

Umukuru w’igihugu yarashimiye inzego zijejwe gucungera umutekano

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 18 Kigarama umwaka w’2019, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yari yaramutse agirisha inama abakuru mu gisirikare no mu giporisi mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene umutekano wifashe.

Muri rusangi, umutekano ngo wifashe neza kugera ku bice mirongo icenda n’indwi kw’ijana (97%), aboneraho gushimira abajejwe kuwucungera yongera kandi abahamagarira kwongereza inguvu mu kuwucungera na canecane muri iyi misi mikuru irangiza umwaka hamwe no mu bihe vy’amatora twimirije mu mwaka w’2020.

Iyo nama yabaye mu mwiherero ikaba yari yitabwemwo abaserukira inzego z’igisirikare hamwe n’igiporisi vy’Uburundi, abajejwe igisata c’ubutungane, abajejwe intwaro harimwo na ba buramatari bayoboye intara zitandukanye zigize igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764