Burundihomepagekirundisecuritysociete

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura aragabisha abariko baranyaga abanyagisagara

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Jimmy Hatungimana aragabisha abantu bamaze imisi bagisibije mu kunyaga abenegihugu bababesha ngo bashaka kubaha akazi.

Nk’uko biri mw’itangazo Meri ya Bujumbura yashize ahabona kuri uyu wa mbere  igenekerezo rya 21 Nyakanga umwaka w’2020, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana amenyesha ko hari akarwi k’abantu bamaze imsi babesha abantu ko Meri ya Bujumbura iriko iratanga akazi mbere bakanabasaba amafaranga ngo bakavuga ko ari ayo kwiga amadosiye yabo ko atari vyo abo bantu ari abangushi.

Gushika ubu, ngo Meri ya Bujumbura nta kazi na kamwe iriko iratanga, yaboneyeho guhamagarira uwobona bene abo bangushi ko yoheza akabimenyesha abajejwe intwaro canke umutekano babegereye kugira ngo ako karwi gashengezwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765