BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Umuntu umwe yaciye yitaba Imana abandi bane barakomereka

Umuntu umwe yaciye yitaba Imana ubwo nyene nayo abandi bagera kuri bane barakomereka inyuma y’isanganya ry’imodoka zibiri hamwe n’ipikipiki vyagonganiye imbere y’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge.

Mu gatondo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Nzero 2019 igihe c’isaha icumi na zibiri imbere y’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge habaye impanuka idasanzwe yahitanye ubuzima bw’umuntu umwe nayo abandi bane barakomereka inyuma y’aho imodoka yo mu bwoko bwa Fuso imparati IA1850 yagonganye n’iyindi yo mu bwoko bwa Rav4 imparati DA4057 hamwe n’ipikipiki TVS ifise imparati DA0568.

Uwariko aratwara iyo pikipiki azwi kw’izina rya BARANSANANIYE Sylvestre akaba yaciye yitaba Imana ubwo nyene eka n’ipikipiki yiwe icika ubunwenwe, ndetse n’izo modoka zompi uko ari zibiri zikaba zononekaye cane.

Abandi bantu bane nibo bahakomerekeye harimwo umuyobozi w’ishure ryisumbuye ENA Gaston HAKIZA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764