BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Umunyagihugu yaraye yitavye Imana umuporisi nawe arakomereka

Umunyagihugu umwe yaraye ahasize ubuzima nyo umuporisi arakomeretswa n’igisasu ntezwantoke mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 22 Ndamukiza umwaka w’2019.

Nk’uko bishikirizwa na OPP1 Petero Nkurikiye asanzwe avugira ubushikiranganji bujejwe umutekano no gukinga ibiza, muri iri joro ryakeye ryo kuwa mbere igenekerezo rya 22 Ndamukiza umwaka w’2019, abantu bataramenyekana barateye igisasu ntezwantoke muri komine Gihanga, intara ya Bubanza maze kiraheza gikomeretsa umuporisi umwe.

Aho ngo hari nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo ibiri z’ijoro. Bahejeje gutera ico gisasu, abo bagizi ba nabi ngo baciye bakurikizako amasasu menshi imbere y’uko batungwa n’ayo bameze.

OPP1 Petero Nkurikiye abandanya amenyesha ko abo bagizi ba nabi ngo bagandaguye kandi umunyagihugu yari azwi kw’izina rya Manirampa Maritino batazira Gangi, uwo nawe akaba ngo yaheruka kurekurwa muri bamwe baherutse kugirirwa ikigongwe n’umukuru w’igihugu, akaba ngo yahora aba muri karitiye ya Vyondo yo muri iyo komine nyene ya Gihanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764