BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Umurwi CENI ngo ugiye kwakira ivyegeranyo vy’utunenge twabaye mu matora

Pierre Claver Kazihise, umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI

Umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora Pierre Claver Kazihise amenyesha y’uko abantu nka bose bari barungitswe kurorera amatora aheruka kuba kuwa 20 Rusama 2020 ko bashikirije mu vyegeranyo vyabo ko ayo matora yagenze neza cane.

Uwo arongoye umurwi CENI akaba yabishikirije kuri uno wa kane, igenekerezo rya 28 Rusama 2020 mu kiganiro yagiranye n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru inyuma y’aho uwo murwi CENI uherukiye gushikiriza ibitigiri mfatakibanza vyavuye muri ayo matora.

Pierre Claver Kazihise amenyesha kandi ko umurwi CENI aramutswa ugiye kwakira ivyegeranyo vy’umurwi umwe washikirije ko hari utunenge twibonekeje muri ayo matora cokimwe  n’ivyegeranyo vy’abandi bantu bose kugira babihanahaneko ivyiyumviro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764