BurundihomepageJusticekirundisociete

Umurwi CNTB washikirije amadosiye umaze kwiga mu kiringo c’umwaka umwe

Amadosiye arenga ibihumbi bitanu n’amajana atanu ngo yarizwe mu ntara zitandukanye zigize igihugu ayandi yababa igihumbi n’amajana abiri arunguruzwa.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Ntwarante 2020, aho yari aramutse ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe n’uwo mugwi mu kiringo c’umwaka umwe.

Dieudonné Mbonimpa arongoye uwo mugwi CNTB yamenyesheje ko uwo murwi uzoshira inguvu mu ntara ya Makamba na Rumonge kuko arizo zifise igitigiri kinini c’amadosiye y’abawitura.

Mbonimpa yamenyesheje kandi ko  kuva uwo murwi utanguye mu mwaka w’2006, umaze guheza kwiga amadosiye arenga ibice 73 kw’ijana, ibice birenga 26 bikaba ngo bikiriko birirwa mu mirwi yo mu ntara zigize igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765