Burundihomepagekirundi

Umurwi CVR urabandanya ibikorwa vyo kuzura ibisigarira vy’abahambwe mu binogo rusangi

Umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR (Commission Vérité et Réconciliation) urazura kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante 2019 ibisigarira vy’amagufa bivugwa ko ari ay’umuntu umwe yatowe ku musozi Mahonda, komine Rusaka, intara ya Mwaro.

Aloys Batungwanayo wo mu murwi CVR, ari nawe yaserukiye uwo murwi muri ico gikorwa, amenyesha ko ayo magufa y’umuntu yahambwe muri ico kinogo azurwa kugira ashinguranwe iteka.

Mwomenya ko abantu bagera ku 72961 aribo bamaze kwumvirizwa n’umurwi w’igihugu CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi kuva mu mwaka w’2016, muri uwo murwi bakaba bamenyesha ko bariko barategura ikindi kiringo c’ukwakira hamwe n’ukwumviriza abantu bose bafise ico bazi canke babonye ku bwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi bwakoze muri kahise k’Uburundi.

Muri uwo murwi baratanguye kandi kuja mu ntara zose gusigurira abenegihugu ibijanye n’ico gikorwa gishobora kuzotangura mu mpera z’uku kwezi kwa gatatu

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764