homepageDonard Trumpkirundipolitics

Umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI uhejeje gutangaza icese ikirangamisi c’amatora yo mu mwaka w’2020

Mu ntumbero yo gufasha abarundi bose kwitegurira amatora meza neza ata musunikano canke kwihutira umwanya, umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI uhejeje gushira ahabona ikirangamisi c’amatora yo mu mwaka w’2020 amezi arenga gato icumi na rimwe imbere y’uko ayo matora aba.

Kuri ico kirangamisi uwo murwi CENI washize ahabona bigaragara ko amatora y’umukuru w’igihugu, amatora y’abashingamateka hamwe n’amatora y’abajenama b’amakomine azobera umusi umwe kw’igenekerezo rya 20 Rusama umwaka w’2020 nayo ukwiyamamariza ivyo bibanza bikaba bitegekanijwe kuva kw’igenekrezo rya 27 Ndamukiza gushika kurya 17 Rusama umwaka w’2020.

Amatora y’abakenguzamateka ategekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro umwaka w’2020 nayo ukwiyamamariza gutorwa muri ico kibanza bitegekanijwe kuzotangura kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2020 birangire kw’igenekerezo rya  17 Mukakaro 2020.

 Abajenama bo ku mitumba n’amakaritiye nabo hategekanijwe ko bazotorwa kuwa 24 Myandagaro umwaka w’2020 biyamamarize ivyo bibanza kuva kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 2020 gushika kurya 21 Myandagaro umwaka w’2020.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755