Burundihomepagekirundi

Umuryango EAC uhamagarirwa kuzorungika indorerezi mu matora Uburundi bwimirije

 

Reta y’uburundi isaba akarere ka Afrika y’ubuseruko kwikora ku bakozi bako bari mu gihugu c’Uburundi mu gikorwa co gucungera amatora ategekanijwe kuwa gatatu w’indwi iza.

Mw’ikete ubushikiranganji bujejwe ibibazo vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko bwandikiye umunyamabanga mukuru w’ako karere mu mpera z’indwi irangiye busigura ko umurwi wa EAC uzoza kurorera amatora utegerezwa kumara ikiringo c’imisi cumi n’ine ukwa bonyene kubera ikiza ca korona avuga ko kivugwa mu karere.

Ubwo bushikiranganji bwibutsa Liberat Mpfumukeko ko ingingo igihugu cafashe mu gukinga irwirirana ry’ikiza ca korona zitegerezwa kwubahirizwa n’abarundi co kimwe n’abanyamahanga binjiye mu Burundi.

Mw’ikete umushikiranganji Isabelle Ndahayo yari yandikiye umunyamabanga mukuru wa EAC kuwa 24 Ndamukiza guheze yari yamwibukije ko abinjira mu Burundi babanza kwerekana ko bafise n’imiburiburi igice c’ibizobabeshaho muri iyo misi cumi n’ine bamara ukwa bonyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764