BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Umuryango wose waraye uhasize ubuzima

Umuryango ugizwe n’abantu batandatu (abavyeyi babiri hamwe n’ibibondo vyabo bine) baraye basize ubuzima bwabo mw’isegenya y’imvura sindamusiga yaguye mw’ijoro ryaraye rikeye.

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 17 Nzero umwaka w’2019, mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaho haraguye imvura idasanzwe yarahitanye ubuzima bw’abantu batandatu bo mu muryango umwe.

Aho ni ku gacimbiri Kiyange, umusozi Sororezo wo muri komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura biturutse ku musozi wasenyukiye ku nzu bari baryamyemwo.

Inyuma y’iyo mpanuka, abajejwe intwaro muri ako karere bamenyesheje ko bagiye gufata ingingo yo kwimura iyindi miryango isanzwe iba musi y’uwo musozi mu ntumbero yo kuyikingira ben’izo mpanuka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764