homepagekirundipromotedsociete

Umushikiranganji w’amagara y’abantu arabeshuza amakuru amaze imisi akwiragizwa

Umushikiranganji w’amagara y’abantu mu Burundi yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’inkuru zimaze imisi zikwiragizwa zivuga yuko mu burundi hari ikiza ca marariya. Dr Thaddee Ndikumana yabeshuje ivyo vyashikirijwe aho yavuze ko mu Burundi ata kiza ca marariya gihari.

Mu kubisigura, umushikiranganji yakoresheje ibiharuro vyo mu mwaka w’i 2017 aho Uburundi bwamenyesheje ko hari ikiza ca marariya bivanye n’ibiharuro vyabantu bari bagwaye iyo ndwara mu kiringo c’amezi 6 kuva muri nzero gushika muri Ruheshi aho bashika 4 913 150 hama hagapfa abashika 4500 muga ibiharuro vy’uyu mwaka kuva muri nzero gushika muri Ruheshi, abarwaye marariya bashika 4 300 000 aho muribo abapfuye bishwe n’iyo ngwara bashika 1400.
Umushikiranganji yongeye aramenyesha ko bivanye nuko imiti ya marariya isanzwe itangwa yitwa amodiyakine itagifise ubushobozi cane mu kuvura, bagiye gushiraho uwundi muti witwa quartem kugira ushobore gufasha abantu bagwaye marariya.
Ibijanye na Ebola igize imisi ivugwa mu gihugu ca Kongo, yamenyesheje ko abantu bose binjira baciye ku mipaka yegereye ico gihugu bazosuzumwa neza kandi ko nabaganga bamaze guhabwa inyigisho z’ingene bigenza imbere y’umuntu agwaye ebola mbere ko nikigo camaze gutegurwa kugira uwo babonye ayigwaye abe ariho bamuvurira.
Ku bijanye na Korera igize imisi yibonekeza mu gisagara ca bujumbura no mu ntara ya Cibitoke, yamenyesheje ko bariko bagerageza kuyituza kuko ku bantu 235 bari bayigwaye, hasigaye 12 gusa abandi barakize kiretse umuntu umwe gusa yapfuye naho nyene kubera yarayigwaranye na marariya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756