homepagekirundisociete

Umushikiranganji wo gufatana munda yagarukiye kubantu bagera ku 1650

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 2 Gitugutu umwaka w’2019, umushikiranganji wo gufatana munda yatanze imfashanyo ku miryango ya bantahonikora bari mu mazone ashika kuri atatu yo mu ntara ya Ngozi.

Iyo mfashanyo igizwe ahanini n’igifungurwa c’umuceri ikaba yatanzwe ku bantu bangana n’igihumbi kimwe n’amajana atandatu na mirongo itanu, bamuka mu mazone atatu ya komine Busiga mu ntara ya Ngozi, aho umuntu umwumwe yashoboye kuronka ibiro icumi na bitandatu n’igice.

Twobibutsa ko ben’izo mfashanyo ziriko ziratangwa kuri ba ntahonikora bari mu ntara zitandukanye zigize igihugu, mu ntumbero y’umugambi w’igihugu ujanye n’ugufashanya mu miryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756