homepagekirundisecurity

Umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika amenyesha ko abamenyeshamakuru ba Iwacu batazira akazi kabo

Nk’uko tubisanga mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika Sylvestre Nyandwi kuri uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 31 Gitugutu 2019, abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu ngo bari mu minwe y’ubutungane.

Muri iryo tangazo nyene, umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika Syvestre Nyandwi aributsa ko abo bamenyeshamakuru bane hamwe n’umushoferi wabo bafashwe inyuma y’igitero cari cakozwe mu ntara ya Bubanza muri komine ya Musigati igenekerezo rya 22 Gitugutu 2019, akavuga ko bafatiwe aho nyene igihe abajejwe umutekano bariko barwanya uwo murwi wari wateye, mu matohoza bagize ngo bakaba babonye ko hari ico abo bantu boba bari bazi kuri ico gitero.

Umushikirazamanza kizigenza wa Repubilika agahakana ko ifatwa ryabo ataho rihuriye n’akazi kabo ko kumenyeshamakuru.

Abandanya avuga ko abamenyeshamakuru Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana n’uwabunguruza Adolphe Masabarakiza bamaze kwugururirwa dosiye zabo muri parake ya Bubanza bakaba bagirizwa kwifadikanya n’abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755