BurundiEconomyhomepagekirundi

Umusi mpuzamakungu wahariwe ikawa : Abarimyi b’ikawa basaba ko igiciro cayo coduzwa

Ikawa nk’igiterwa njabukamazi irazanira Uburundi amafaranga y’agaciro atari make.

Icegeranyo c’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR cerekana ko ico gitegwa cinjije imiriyaridi zirenga 18 z’amafaranga y’amarundi. Ngo niyo yashowe ubwa mbere mu gice ca 4 c’umwaka uheze ugereranije n’ibindi biterwa.

Nayo rusansuma yakoze n’ikigo gitororokanya ibiharuro Isteebu mu mwaka w’2007 yerekana ko intara 4 arizo Kayanza, Ngozi, Gitega na Muyinga zirima ikawa ku rugero rwa 56 kw’ijana.

Mu gihe igenekerezo rya mbere Gitugutu ari umunsi mpuzamakungu wahariwe ikawa, abarimyi bayo mu ntara ya Ngozi basaba ko igiciro cayo coja n’imiburiburi ku mafaranga 1000 ku kiro. Basigura ko amafaranga 550 bahembwe ari make ugeranije n’umwanya hamwe n’inguvu ikawa isaba mu kuyikorera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766