homepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Uru nirwo Sentare nkuru y’i Mwaro iheruka kumucira

Sentare nkuru yo mu ntara ya Mwaro iherutse gukatira umunyororo wo gupfungwa imyaka itatu hamwe n’ihadabu ringana n’ibihumbi amajana atatu vy’amarundi umugabo azwi kw’izina rya Ndayisaba Léonidas inyuma y’ukwagirwa n’icaha c’ukwiba ipikipiki.

Ku musi wa kabiri uheze niho sentare nkuru y’i Mwaro yasasa mu rubanza rw’ikibiriraho maze ikatira Ndayisenga Léonidas umunyororo w’ugupfungwa imyaka itatu n’ihadabu ringana n’amafaranga y’amarundi ibihumbi amajana atatu yafatanywe itonga ry’ipikipiki yari yibwe mu ntara ya Gitega ku musi w’Imana uheze, igenekerezo rya 2 Ruheshi 2019.

Umupfasoni Agnès Bangiricenge asanzwe ari umunyamabanga mukuru akongera akaba umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, yamenyesheje y’uko iyo pikipiki ngo yafatiwe muri karitiye ya Kibumbu muri komine Kayokwe intara ya Mwaro bayifata ifiswe na bwana Ndayisenga Leonidas niko guca bamurengukana imbere y’ubutungane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755