BurundihomepagekirundimuyobokePolitique

Urutonde rw’ivyari biramukiwe kwigwa mu nama nshikiranganji yo kuri uno wa gatatu

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante umwaka w’2019, inama nshikiranganji yaramutse ikoranira ku murwa mukuru wa poritike, Gitega ihagarikiwe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu Perezida Petero Nkurunziza.

Ingingo zigera kuri icenda nizo zari zitegekanijwe kwigwa  muri iyo nama nshikiranganji.

Izo nazo akaba ari izi zikurikira :

  1. integuro y’ibwirizwa rishiraho ikigo kijejwe kurwanya iterabwoba,
  2. integuro y’iwirizwa ryerekana ubushikiranganji bwegukira umurwa mukuru wa poritike hamwe n’ubwegukira umurwa mukuru w’ubutunzi,
  3. integuro y’itegeko ijanye n’ishirwaho ry’akarere ku rwego rwa Afrika ku bijanye no guhanahana ibidandazwa,
  4. integuro y’ibwirizwa rijanye n’amasezerano hagati ya reta n’abikorera utwabo,
  5. integuro y’itegeko rijanye no gukinga abakoresha ibijanye n’ubuhinga bwa none,
  6. integuro y’itegeko risubiramwo ibijanye nivy’ubutare n’agataka ,
  7. integuro y’itegeko hagati ya Reta ya Misiri hamwe na Reta y’Uburundi ku bijanye n’ibidukikije,
  8. Kumenyesha ukungene ishirahamwe rihingura isukari mu Burundi SOSUMO rihagaze gushika ubu hamwe,
  9. utuntu n’utundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764