BurundiEducationhomepagekirundi

#Burundi| Utunenge twibonekeje mu kibazo c’intwazangabo mu gisirikare

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2021, hakozwe mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi ikibazo c’intwanzangabo bo ku rwego rw’abasirikare bato bato.

Colonel Floribert Biyereke avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba yamenyesheje ko urwaruka rurenga 6500, harimwo abigeme bagera ku 471 ari bo biyandikishije mu gihugu cose.

Colonel Biyereke amenyesha kandi muri ico kibazo hibonekeje utunenge tutari duke  tugizwe ahanini n’urwaruka rwaje gukora ico kibazo rutiyandikishije, aho agatanga akarorero ko mu gisagara ca Bujumbura, hafashwe abagera kuri bane bari baje gukora ico kibazo kandi batiyandikishije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764