homepagekirundisecuritysociete

Uwemeza ko ariwe arongoye ishengero ry’abadivantiste mu Burundi arafunzwe

Amakuru dukesha radiyo y’abongereza BBC avuga ko Pastori Lamec Barishinga yemewe n’uburongozi bw’aba adivantiste kw’isi yose nk’uwongoye ishengoro ry’abadivantiste bu munsi w’indwi mu Burundi ariko atemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busanzwe bukurikirana ibikorwa vy’amashengero, yahagaritswe igihe yaragiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Ubuyobozi bw’Ishengero rya Adivantiste mu Burundi hari haciye igihe burimwo ibibazo hano mu Burundi.

Nkuko bibandanya bivugwa na BBC, Pastori Joseph Ndikubwayo indongozi y’ishengero ry’abadiventiste b’umunsi w’indwi mu Burundi, uruhande rwemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko Pastori Barishinga « yagirizwa gutyoza igihugu ».

Lamec Barishinga afunzwe, asanzwe yemewe n’ishengero ku rwego rw’isi nk’uko vyanditswe na Pastori Ted Wilson arirongoye kw’isi kurubuga rwiwe rwa tweeter kandi akaba yemeje iryo fungwa rya Lamec, uwo mutegetsi aka vuga ko bariko “baramusengera kubera ibihe bigoye arimwo”
Yongeye yandika ko “bazi iterabwoba, ihohoterwa no gufungwa bikorerwa abo muri iryo dini mu Burundi”.

Umuvugizi w’igipolisi mu Burundi ntaco yasubije iradiyo y’abongereza imubajije kw’ifungwa rya Barishinga.

Pastori Ndikubwayo yabwiye iyo radiyo mpuzamakungu ati : “Bamwagiriza video yarungitse ku kicaro gikuru c’ishengero atyoza igihugu. Yanditse n’irindi kete yandikira abizera bo mu Burundi irimeze gutyo, atyoza igihugu avuga ko nta kwisanzura kw’amadini kuri mu gihugu”.

Pastori Ndikubwayo yaremeje ko Barishinga yafatiwe ku kibuga cy’indege agiye mu nama yo kurangiza umwaka muri Kenya, ahari ikicaro c’iri shengero mu karere ka Afrika y’ubuseruko no hagati.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756