DevelopmentEconomyhomepagekirundi

Youth : Aba nibo bazoronswa ingurane mw’ibanki y’urwaruka igiye gutanguzwa

Ibanki y’urwaruka igiye gutanguzwa mu misi ya vuba, ikazoba ifise ibisata bitandukanye harimwo ibijanye n’ugushigikira imigambi y’iterambere itunganijwe n’urwaruka hakurikijwe ko bari mu mashirahamwe canke mu makoperative agengwa n’amategeko y’Uburundi.

Nk’uko vyashikirijwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Dr Joseph Butore kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Gitugutu 2019, aho yari aramutse yugurura icese inama nkuru y’abanyamitahe (Assemblee Generale Constituante des Actionnaires) ari kumwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta hamwe n’uw’urwaruka inkino n’ubuhinga bwa none, iyo banki ngo izofasha kurwanya ubushomeri mu rwaruka mu kururonsa ingurane.

Yamara urwaruka ruzoba rudahurikiye mu mashirahamwe canke amakoperative agengwa n’amategeko y’igihugu c’Uburundi, ngo ntiruzohabwa izo ngurane.

Ni muri iyo ntumbero yaboneyeho guhamagarira urwaruka rwose rutari bwaje mu mashirahamwe cake mu makoperative ko rwoyajamwo hakiri kare kugira ngo ntiruzosingwe n’uwo mugambi waruhariwe ugiye gutanguzwa mu misi ya vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761