homepagekirundi

Youth : Isekeza : “kumenya kuvuga oya ku biyayuramutwe”

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 31 Mukakaro 2019, umugwi w’urwaruka “Force jeune Universelle” watunganije ihiganwa rigira gatatu ku civugo “Kumenya kuvugaoya” (savoir dire non) mu gisagara ca Bujumbura.

Mbega ihiganwa  “kumenya kuvuga oya ni iki?

Kumenya kuvuga oya ni ihiganwa ryashizweho kugira ngo bahimirize urwaruka rwose ngo barwanye amabi y’ibiyayuramutwe n’ibindi biboreza.

Iryo higanwa rikaba ritegekanijwe kuzobera mu gisagara ca Bujumbura ku musi wa kane igenekerezo rya 15 Myandagaro umwaka w’2019 rikazotangura igihe c’isaha umunani z’umutaga (14h00) kuri Parquet ya Bujumbura.

Kuri uyo musi hakaba hategekanijwe kuzoba ibi bikurikira :

-Ihiganwa ry’imigwi ihambaye y’intambo kama z’ikirundi ;

-Imigwi y’intambo zigezweho y’i Bujumbura ;

-Ihiganwa rya Miss SDN2019 ;

-Udukino twinshi na canecane Tombola hamwe n’ibindi vyinshi bizotsindirwa nka terefone n’ikinga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755