homepagekirundisecurity

Zimwe mu ngingo ziheruka gufatwa kugira ngo imisi mikuru iheza umwaka izogende neza

Mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano muri iyi misi mikuru iheza umwaka w’2019, ubushikiranganji b’umutekano buhamagarira abipfuza kuzokwidagadura kubisabira uruhusha.

Petero Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe

Mu gihe hasigaye imisi iri ku rushi kugira ngo twinjire mu musi mikuru iheza umwaka w’2019, igiporisi c’Uburundi gihamagarira abipfuza kuzorara baratamba baryoherwa mu guhimbaza iyo misi mikuru ko bobimenyesha inzego zibijejwe bakanabimenyesha kandi abajejwe umutekano mu karere bazoba bateguye gukesherezamwo.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’umutekano, ugukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe kuwa 21 Kigarama 2019, ubwo bushikiranganji buhamagarira abajejwe umutekano gukorana cane n’abajejwe intwaro na canecane mu gukurikiza ingingo ziheruka gufatwa zijanye n’iyugururwa hamwe n’iyugarwa ry’ubunywero bukongera bugahamagarira abafise ubunywero gushira amatara hanze hamwe n’indani mu bunywero bwabo no gushikiriza ku gihe abajejwe umutekano babegereye ico cose boba bagizeko amakenga.

Nayo kubasanzwe bunguruza abantu hamwe n’abadandaza muri rusangi, ubwo bushikiranganji bubasaba kutikika mu kiza muri ino misi mikuru mukuduza ibiciro uko bishakiye.

Ubwo bushikiranganji ntibwasize inyuma urwaruka mu kuruhanura kutihereza ibiborereza kuko ngo bwasanze biri mu bituma umutekano uhungabana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755