BurundihomepageJusticekirundi

Zimwe mu ngorane abashingwamanza bo mu Burundi bahura nazo mukazi kabo

Abashingwamanza bo mu Burundi ngo baragira ibibazo bijanye n’umwuga wabo. Uturorero ngo ni nko kutemererwa kuraba uwo aburanira mu gihe aba ari mw’ibojero canke uguca urubanza ukunyuranye n’uko umushingwamanza aba yarukurikiranye, n’ibindi.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’uwuserukira urwego rw’abashingwamanza i Bujumbura Maître Jean de Dieu Muhuzenge kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Nyakanga umwaka w’2020 mu gihe yari aramitse yugurura icese umwaka wahariwe ubutungane  w’2020 ushira uw’2021.

Maître Jean de Dieu Muhuzenge asaba umuntu uwo ari we wese yaba muto canke mukuru kwubahiriza urwego rw’abashingwamanza hamwe n’abacamanza ngo kuko igihugu kitagira ubutungane ntigiheza ngo gitere imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764