BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Abagabo 2 bagirizwa kwiba bakoresheje amayeri baheruka gufatwa

Abagabo babiri bagirizwa kuba bahora biba abanyagihugu bakoresheje urwenge (escroquerie mu kinofunofu) baciye ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye baheruka gufatwa n’abajejwe umutekano, kuri uno wa kabiri akaba ariho igiporisi c’Uburundi caberekana.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Ntwarante umwaka w’2019, ubushikiranganji bujejwe umutekano no gukinga ibiza bubicishije ku muvugizi wabwo OPP1 Petero Nkurikiye, bwerekanye abagabo babiri bazwi ku mazina ya Buragendanwa Gerard hamwe na Ngabo Erisha Nziza bari bamaze imisi bagisibije mu kwiba abanyagihugu bakoresheje amayeri ku mbuga ngurukanabumenyi.

Nk’uko bishikirizwa na OPP1 Petero Nkurikiye, abo bagabo bompi uko ari babiri ngo baheruka gufatirwa mu gisagara ca Bujumbura kuwa 4 Ruhuhuma uwu mwaka mu gihe bariko bagerageza kwiba umuntu yitwa Jean Claude Bikorimana yari avuye mu gihugu ca Malawi bamuhenda ko bipfuza gukorana nawe  urudandazwa rw’amabuye y’agaciro. Ico gihe abo bagabo ngo bari biyitiriye izina ry’umukuru w’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu.

OPP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko ugufatwa kw’abo basuma kwabaye kubera ugukorana neza hagati y’uwo yagomba kwibwa hamwe n’abajejwe umutekano mu gihe yari amaze kubikeka ngo yaciye anyaruka gutanga amakuru ku bajejwe umutekano. Yaboneyeho no kwibutsa abarundi bose ko mu gihe abategetsi bashaka gukora ikintu bama na ntaryo babicisha mu nzira zizwi n’amategeko ati rero mwoye kugwa mu mitego ya ben’abo bambuzi biyitirira amazina y’abategetsi mu kubanyaga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764