BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Abajejwe umutekano basabwa kutaja mu bunywero bafise ibirwanisho

Nk’uko biri mu rwandiko inomero 215.01/295 IGPNB/2019 umugenduzi mukuru w’igiporisi aheruka kwandikira abayobozi batandukanye b’igiporisi c’Uburundi bukuru bw’igiporisi buheruka gufata ingingo zibuza abajejwe umutekano kwinjirana ibirwanisho mu bunywero hamwe n’umwambaro w’akazi, nayo uwuzohirahira akabirengako ngo azofatwa nk’inkozi y’ikibi.

Muri urwo rwandiko nyene, ubugenduzi bukuru bw’igiporisi buributsa abayobozi bandandukanye mu giporisi c’Uburundi ko bategerezwa gusuzuma ko ibirwanisho biba vyatiwe mu bikorwa vy’amasaka-suzuma zishikanwa mu bubiko bwabigenewe kandi ko bibujijwe ko umuporisi agiye mu karuhuko agenda atwaye ikirwanisho canke afise umwambaro w’akazi.

Twokwibutsa ko ivyo bibaye inyuma y’aho mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu uheze hari umuporisi yihaye inkumbi mu bunywero bwo mu Gatumba kitwa “Bar kumbingo” agandagaura abantu bane, umuporisi mugenziwe hamwe n’abanyagihugu batatu nayo abandi bagera kuri bane nyene barahakomerekera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764