Burundikirundi

#Burundi|Woba uzi icokura abarundi mu bukene?

Nta nkeka amafaranga y’agaciro arashobora kuza mu gihugu biciye mu burimyi n’ubworozi, ntibisaba ukwizera bisaba gutega ugutwi, ishaka , n’umwete, kandi ntibisaba n’uburyo bw’ikirenga.

Mw’ishirahamwe “koperative kenura imiryango iwacu” baremeza ko ata nkeka igisata c’uburimyi n’ubworozi citaweho kigakorwa neza ,kandi ku buhinga bugezweho abarundi bova mu bukene nayo amafaranga y’agaciro agataha iwacu.
Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze Sebazungu David yasimbiye mu gihugu kibanye Tanzania asanga bo babiciye ikanda kare, bageze kurundi rwego, yanka gushenguruka nk’igihuna niko kuvayo arahuye umugambi wokworora inkwavu.
Iyumvire namwe,mwoba mwari muzi ko urusyogorore rw’inkwavu (amaganga)ruhingurwamwo umwavu wa kijambere?, Mwoba mwari muzi ko ayo maganga y’izo nkwavu ushorwa Tailand? Umwe mu bafashije ishinrwa rya koperative kenura imiryango iwacu arizeza abarundi ko n’ibakura amaboko mu mpuzu bakijukira kworora inkwavu atakabuza ihinguriro ry’umwavu rizoboneka aha iwacu maze amahanga akabonera amasumo.
Mwomenya ko iryo shirahamwe rifise icicaro muri Komune Mutimbuzi ndatse n’i Muyinga gusa mu gihugu cose.

Mu keneye kumenya vyishi kurikirana amashusho ya Indundi Tv hano musi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499