homepagesociete

Bururi: Ntibacemerwa n’abo bareheje kuko batagira inzu z’amabati

Kuva mu ntango z’uyu mwaka, Reta yatanguje intumbero y’uko ata musore yoba acemererwa kwandikisha ubugeni muri komine aterekanye Ko yubatse inzu y’amabati.Ubuyobozi bwa komine Mugamba intara ya Bururi burashima ko ako kama kitabiriwe. Ariko bamwe mu basore b’amikoro abayabaye agashavu karaniga.

Abo basore bidoga ko ubu basabwa kwerekana inzu y’amabati iyo hari uwureheje umwigeme, bagize batya bagasanga wa mwigeme atwawe n’abo bo bita abakire , atanabasezeye bakabura abo bakunda batyo.

Umwe mubo twaganiriye yibaza ati :”Mbega nka jewe ko k’umusi nkorera amafranga ibihumbi bibiri (2 000 fr) noshobora kuzorindira kurongora ari uko nkwije ayo kugura amabati , isima, amatafari n’ibindi kandi mbwirizwa no kuyakuramwo ivyo mfungura?” Uwo yibaza ko ukubaka kuri we bizohava biba umugani.

Abandi nabo bamenyesha ko iyo ntumbero yatanzwe ibikoresho vy’ukubaka amazu kijambere vyarazimvye mugihe mubipfuza kugira ubugeni hari ababuze akazi barahejeje amashure.

Ubu bamwe basaba ko murico gice ca Mugamba hoshikanwa amahinguriro yivyo bikoresho kugira ababigura babironke kugiciro kibayabaye urwaruka na rwo ruronke akazi rworonkamwo amazu atari ay’ivyatsi.

Mugihe urwo rwaruka rusaba ko iyo ngingo yokurwaho abantu bakibanira mumazu naho yoba abayabaye ariko bikundanira, abavyeyi b’aho bamwe basaba kuronswa amabati nk’ingurane kubafise ivyo bikorako nk’abarimyi b’icayi.
Atari uko naho hari abafise impungenge ko bashobora kwitaba Imana batabonye ubugeni bw’abana babo kandi muri iyo komine gusohora umwana bifatwa nk’iteka mu miryango.

Ubuyobozi bwa komine yamara burashima ko akamo k’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yateye abatware muntango z’uyu mwaka mu kurwanya nyakatsi kitabwe kandi kubahirijwe n’aho abantu bamwe bavuga ko bakenye.

Musitanteri wa komine Mugamba Venuste Ntahombaye ariko aremeza ko hari urwaruka rw’amikoro make rudashobora kwiyubakira amazu ya kijambere. Urwo aruhamagarira kwijukira gukorera mu mashirahamwe kugira habonetse nk’abagiraneza boshigikira imigambi yarwo ruzoshobore kuronka uburyo bwo kwiyubakira amazu atari ay’ivyatsi.

Ubu igiciro c’ibati rimwe muri ico gice c’intara ya Bururi giharurwa mu bihumbi mirongo itatu na bibiri (32.000f) mu mafranga y’amarundi mugihe mu myaka ibiri iheze ritarenza ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu (26 000fr). Inzu bavuga ko iba yubatse neza nayo abo aho bagereranya ko ishobora gutwara imiliyoni umunani (8 ) mu mafranga y’amarundi.

Inkuru yanditswe na Nolis Nduwimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687