homepagekirundi_Sports

Tom Saintfielt wa Gambia: Uburundi nta higanwa na rimwe butogera umutwe

Inyuma yo gutsindwa n’igihugu c’Uburundi, umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu wa Gambia yaraye ahayagije abakinyi b’Intamba mu rugamba .

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Munyonyo 2023 igihe c’isaha icumi (16h00) mu masaha y’i Dar es Salaam ku kibuga Benjamin Mkapa, aho umugwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba wari wakiriye umugwi nserukiragihugu wa Gambia The Scorpions, mu rukino rw’indwi ya mbere rwo mw’itsinda rya F muri za nkino zo kurondera itike yo kwitabira inkino z’igikombe c’isi zizoba mu mwaka wa 2026.

Urwo rukino rwarangiye Uburundi butsinze Gambia ibitsindo 3-2, ibitsindo vy’Uburundi vyinjijwe na Bigirimana Abedi, Nsabiyumva Frédéric, hamwe na Sudi Abdallah.

Inyuma y’urwo rukino, umumenyereza wa Gambia The Scorpions Tom Saintfielt yatanze ikiganiro Ku banditsi n’abamenyeshamakuru, aho yavuze y’uko umugwi nserukira gihugu w’Uburundi ukomeye cane .

Akaba yagize ati’’ Umugwi nserukiragihugu w’Uburundi urakomeye cane, ndabakeje cane. Ni umugwi ushobora gushika kure mw’ihiganwa iryariryo ryose, bafise abakinyi beza cane. Si irya mbere Uburundi bukora vyiza, ariko natwe twari twagerageje kugira dutsinde biranka kuko twahushije uburyo 2 bwo gutsinda mu gice ca mbere. Kuri jewe Uburundi bwakinye neza cane, ndabakeje, berekanye urugero rwiza’’.

 

Mwomenya ko Uburundi mw’itsinda burimwo, buri kumwe na Côté d’Ivoire , Kenya , Seychelles, Gambia hamwe na Gabon .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 819