BurundiEducationhomepagekirundipersonal developmentyouth

#Business| Iga kudandaza , uve muri ubwo bushomeri!! ( Ak’i muhana kaza imvura ihise!)

Mu gitabo   “ Rich Dad, Poor Dad” canditswe na Robert T. Kiyosaki  aributsa ikintu gikomeye, Burya mw’ishure baratwigishije ibintu vyinshi yamara ntibigeze batwigisha uko twotunga, uko twoba aba nyamafaranga, Nk’uko abandanya abivuga, ngo ishure bisa nk’uko idutegurira kuzoba abakozi b’abandi, kugira duheze turonke akazi maze twironkere n’umushahara duce twiraramire,

Uko yabivuze niko biri aha iwacu naho nyene,  Abantu benshi canecane urwaruka ruraheza akazi ariko ntiruronka akazi, kubera kanatsinda no kw’isoko ry’akazi hasa n’ahuzuye na narirya n’abakoresha basigaye basaba “experience” y’imyaka kugira batange akazi,

Urukiza ni ukwikorera utwawe.

Fata ingingo uwu musi ko ugiye kuba umudandaza. Iyo abantu rero bumvise umwuga w’ukudandaza baraheza bagaca bibaza ngo none nokura umutahe hehe? Ukudandaza kuri kubiri.  Ushobora kuronka umutahe ukarangura ibintu ukanabidandaza maze ukunguka, canke naho , kubera ubuhinga n’ubukerebutsi ugaheza ukarondera abafise ibidandazwa ugaheza ukabasaba bakaguha uburenganzira bw’ukubibadandariza maze bakaza baraguha agahembo( commission) ufatiye ku vyo uba wadandaje.

Na narirya rero umutahe n’ikibanza bigoye, jewe ivyo nohanura na canecane urwaruka, ni ubwo buryo bwa kabiri.

Heza wemere urihe igiciro gisabwa.

Mu gitabo citwa ” the power of your self-discipline” canditswe n’uwitwa ” Brian Tracy, aributsa ko muri Restaurant y’ubuzima bariha imbere.

Uwu musi, hari ibitabo vyinshi bikwigisha ubuhinga bw’ukudandaza. Fata ingingo uwu musi, uti jewe ngoye kuzoba umudandaza maze uheze wihe discipline y’ugusoma ibintu vyose bijanye n’uwo mwuga( uko barondera aba clients, uko umenya ivyo umu kiriya yifuza, n’ibindi…) maze gushika aho wumva ko umutima ukurekuriye kuja kurondera ako kazi kuko vyose bibera mu mutima kandi akaba ari ingingo ikomeye igoye gufata.

Biravurwa ko ukudandaza muri ubwo burya biri mu buzi bugoye cane nanarirya ngo umuntu wese aba atinya kwegera abantu bakamushibura( rejection).

Wewe fata iyo ngingo, ufate ko uri umudandaza. Ntusubire kuvuga ko uri umu chomeri, vuga ko uri umudandaza. Ntutangazwe n’uko umengo woba uriko urabesha , haba namba ahubwo nyabuna n’uko uzoba uzi neza uko ibintu bigenda mu mpwemu.” Ivyo twiyaturako nivyo bituvako”. Hama niwafata iyo ngingo noheza nkaguhanura ko uca ugura kirya gitabo citwa” Think and Grow Rich” ca Napoleon Hill, usome ucisubiriza maze kikubere nk’agakoni ko kuri iyo nzira y’ukuja kw’isonga ry’ubutunzi.

NTA KINTU NA KIMWE UDASHOBOYE MU KIRINGO WOVYEMERA! ( La foi)

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765