BurundihomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Bwabundi Amigo ashobora kuzosubirira The Rock

Abakurikirana ibica ku mbuga ngurukanabumenyi, mwarabonye urukurukuru rwatangajwe hirya no hino mu misi iheze ko hari umurundi ngo ashobora kuzokina muri Fast and Farious, agasubirira The Rock, ariko abantu batari bake baza kuvyamirira kure. 

Uwo murundi yavurwa ni Ndayegamiye Amigo, asanzwe akora ivyo benshi bita kurya ivyuma, ariko we akabikora nk’umwuga, ico mu kinyamazuru bita Bodybuilding. Hano iwacu nta mahiganwa, canke abantu bakurikiranira hafi ivy’abo bantu bihari, ariko nko muri Kenya ho amahiganwa arategurwa abantu bakava hirya no hino kw’isi bagiye guhiganwa.

Kw’igenekerezo rya 11/12 muri Kenya nyene, ishirahamwe ridandaza ibiribwa bikunze gukoreshwa n’abo basore bubatse umubiri, Kenya Bodybuilding Supplements, ryaratunganije amahiganwa ngo hatorwe umusore yubatse umubiri neza, Amigo nawe yari mu batari bake bari bavuye muri Afrika y’ubuseruko baja guhiganwa, ubona ko n’ibindi bihugu biba vyugururiwe muri ayo mahiganwa.

Uwo musore ngo ntivyamworoheye muri urwo rugendo rwamushikanye muri iryo higanwa. Mu ntambanyi harimwo uburyo bwo kwiyandikisha, ibisabwa, ariko kandi ngo kubera ryari irya mbere agiye mu mahiganwa nkayo, ngo yisanze muvyo atazi, kuko ivyo yahora abona ku mboneshakure, vyariko bimubako ikibiriraho, naho yabashije kurengana intambwe zitari nke, kuko yashitse mu ½ c’iryo higanwa.

Amigo yavuze ko muvyo yungutse, naho ata mahera arimwo, ariko Experience yo kuja mu mahiganwa yayironse, ariko kandi no kuba yarabashije kuronka urupapuro rwerekana ko yitavye amahiganwa mpuzamakungu nkayo, ikimushira ku rwego mpuzamakungu.

Muri ico kiyago, Amigo yavuze ko muvyo yipfuza harimwo ugushika kure cane muri uwo mwuga, no gufata ibibanza vyiza mu mahiganwa mpuzamakungu yo ku rwego rwo hejuru, noneho akazana mu gihugu ubushimwe butandukanye bwo muri uwo mukino zitamenyerewe hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 845