BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Bwabundi Dj V-zeey na Big Fizzo barafise ico bapfana

Muri ya ntumbero yo gushigikira ingabire nshasha mu gihugu, niho havuye ugukorana kwa Bantu Bwoy na Dj V-zeey.

Mu kiyago na Isanamu Media, Big Fizzo yavuze ko Rodrigo azwi cane nka Dj V-zeey, amaze kubona ahatari hake avuza umuziki, arico gituma bahisemwo kugiriranira amasezerano ngo bikunde bamufashe kuvuza n’izina ryiwe, kuko atari bwamenyekane cane.

Muri ico kiganiro nyene Big Fizzo yanavuze ko V-zeey afise ico apfana na Manager wiwe Edith Stein Kimana akaba n’umutambukanyi wiwe.

Big Fizzo akaba yabiyagiye Isanamu Media aho bari baramutse bamuganiriza imbere yuko akora igiteramo i Paris mu Bufaransa.

Mwomenya ko inyuma y’igiteramo cavuzwe cane cabaye igenekerezo rya 5/3, Big Fizzo yanabanye n’abana biwe kuri uyu wa 11/3 uherutse, ariko kandi yitezwe no mu bubirigi igenekerezo rya 19/3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764