DiplomacyAyagezwehohomepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_actualite

Canada igiye gushinga ubundi buserukizi bwayo muri Africa y’ubuseruko

Mu gitigiri c’ama Ambassades igihugu ca Canada gifise muri Afrika ngo hagiye kuboneka iyindi nshasha.

Mu gihe umushikiranganji wa mbere wa Canada abarizwa i Kigali mu nama y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mu muryango w’abavuga icongereza CHOGM, uwo mushikiranganji yashikirije ko hagiye gushigwa Ambassade muri ico gihugu.

Iyo Ambassade ikaba izoba ibaye iya 2 muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko Uburundi burimwo. Iyindi ihari ikaba iri i Kinshasa muri Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo, DRC.

Hampande y’umuserukizi w’ico gihugu azoshirwa mu Rwanda, hakaba hagiye no kugenwa n’uwuzoserukira Canada mu bumwe bwa Afrika, union africaine.

Umurundikazi abarizwa mu ntwaro muri Canada

Izo ngingo zikaba ngo zifashwe kugira ico gihugu kibandanye kugira ijisho n’ugutwi muri Afrika, kugira bikunde bakurikirane uko ijwi ry’uburusiya ribandanya kwumvikana cane mu bihugu bitandukanye muri Afrika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756