Intambwe Uburundi bugezeko mu kunagura imigenderanire hagati y’abwo n’igihugu c’Urwanda ngo irashimishije. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabishikirije mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD riherutse kubera i Gitega.…
Abarundi barenga 1000 bahunguka nibo bamaze kwakirwa kuva ino ndwi itanguye bavuye mu gihugu c'Urwanda na Tanzaniya. Ivyo bitigiri bitangwa n’umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu,…
Amashengero arafise uruhara mu kuvura ibikomere abantu bagendana bitewe n'ivyashitse kandi bamaranye igihe mbere bikabatera n'indwara y'ihahamuka. Ivyo ni ibishikirizwa na Désiré Majambere, umurongozi…
Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2021 niho ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwugurura iyakirwa ry’abahungutse muri uno mwaka w’2021. Imiryango 237 y'abahungutse niyo yakiriwe ku rubibe rwa Gasenyi Nemba…
Urunani rw’amashirahamwe y’abakozi bo mu nzu be n’ayabakoresha babo CATED Burundi ruriyamiriza ubugizi bwa nabi bwo kwiba mu mazu no kunyuruza abana bikorwa na bamwe mu bakozi bo mu mazu. Mw’itangazo ry’urwo runani, Serges …
Birahoboka kandi biramaze no gushoboka gukura abana mw’ibarabara abana bakavamwo imisore n’inkumi nziza zifise kazoza keza. Urukundo no kwitanga vy’umwumwe mu barundi bagize ihuriro ry’urwaruka YBSP(youth, Building in…
Abanyeshure bashika 527 ni bo batwaye inda z'indaro mu ntara ya Ngozi, kuva mu mwaka w’2015 gushika mu mwaka w’2020. Ihangiro ry'intara ya Ngozi n'uko urwaruka rwokwigishwa ibijanye n'ubuzima ndoragitsina…
Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri iyo site ngo harimwo ubukene bw’amahema…
Umukuru w'igihugu asaba abarundi bose guharanira amahoro aho umwe wese aba, bayatsimbataze bari hamwe bose kugira bashobore kugwaniriza hamwe umwansi w'ubukene mu muryango. Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri…
https://youtu.be/i3GHuGWV-6g Ikiza ca Coronavirus n'aho kitafashe abantu benshi mu Burundi ngo caratumye abakozi n'abakoresha bo mu mashirahamwe atandukanye bagira ingorane. Akarorero ni nko gutakaza ubuzi bwabo…
Welcome, Login to your account.
Welcome, Create your new account
A password will be e-mailed to you.